#histoire: Inkomoko y'izina Bugabira
BUGABIRA ni imwe mumakomine indwi agize intara ya KIRUNDO iherereye mu buraruko bw'igihugu c'uBurundi
Hambere aho imbere yuko umwami w'uBurundi NTARE RUGAMBA ahafata Bugabira yari mugihugu ca BUGESERA
Cari igihugu kinini cane ari hagati y'igihugu c'uRwanda n'uBurundi kikava Nyamata mu Rwanda rw'ubu gushika Buhiga mu Burundi.Abami b'ico gihugu bava mu Bahondogo nkuko i Burundi bava mu Baganwa,i Rwanda bakava mu Banyiginya.
Ingoma ngabe ya Bugesera yitwa RUKOMBAMAZI,iy'uBurundi yitwa KARYENDA,iy'uRwanda yitwa RWOGA ariko kumwami NDAHIRO CAMATARE Abanyabungo barayibanyaze ,umwami Ruganzu Ndoli acana iyitwa KALINGA
Ikirangabwami ca BUGESERA yari inyoni yitwa ISHWIMA,ic'uBurundi yari INTARE,ic'uRwanda wari UMUSAMBI
Izina BUGESERA rikomoka Ku mwami wambere w'ico gihugu KANYABUGESERA MUGONDO
Amazina y'ubwami yabami b'ico gihugu bitwa NSORO nkuko mu Burundi hari:
NTARE
MWEZI
MUTAGA
MWAMBUTSA
co kimwe no mu Rwanda :
MIBAMBWE
YUHI
MUTARA
KIGERI
CYILIMA
BUGESERA cari igihugu kigizwe n'amashamba n'ibiyaga ,abantu baho bakaba aborozi b'inka cane
Ku ngoma y'umwami w'uBugesera NSORO NYAMUGETA ico gihugu catewe n'umwami w'uBurundi NTARE RUGAMBA hamwe nuw'uRwanda MIBAMBWE SENTAVYO igice kimwe arico kinini comekwa Ku Burundi ikindi gice comekwa Ku Rwanda
Umwami NSORO NYAMUGETA yahungiye mugihugu citwa GISAKA cayoborwa n'ingoma y'ABAGESERA B'ABAZIRANKENDE
Muguhunga yajanye n'abantu biwe ,abasigaye bemera kuba Abarundi canke Abanyarwanda.
Vyinshi mumatungo bari bafise nk'inka babisize aho
NTARE RUGAMBA amaze gutanga yasubiriwe na MWEZI GISABO.
Uwo yarwanye n'abadage imyaka indwi bitako bamuca amande y'inka 424.
Abatama twaganiriye bazi ivy'akahise baravugako icakabiri cizonka zoba zavuye muri ako karere kahavuye kitwa Bugabira azihawe nabahaba
Abantu baba muri ako karere rero bari bafise umuco wo kugabiranira cane
Mumwaka wa 1983 niho hahabwa izina Bugabira bafatiye kuri ivyo vyose
NDUWAYEZU J.de Dieu
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Audace Kariwabo
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Jesse Lingarld
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?