mubagore baba Bujumbura harya kuri centre jeune Kamenge(CJK) kugira babigishe uko bazokwigisha abandi kubijanye nuko bakwiye gufata abagabo babo.
Umuremesha kiyago arabaza ati: mbega kwarimwe abandi bafasoni barabirako uturorero none ninde muri mwebwe akunda umugabo wiwe? Umwe wese ati jewe.
Umuremesha kiyago arabaza ati: none muhora mubwira abagabo banyu ko mubakunda ryari? Inyishu zabaye nyinshi. Bamwe bati turyamye,abandi bati tuvyutse,abandi bati turiko turogana.......
Umuremesha kiyago ati: umwe wese nafate telephone yiwe maze yandike ibi:"NARAGUKUNZE,NDAGUKUNDA,NZOGUKUNDA GUSHIKA DUTANDUKANIJWE N'URUPFU MUTUNGWA WANJE" maze umwe wese ayirungikire umugabo wiwe.
Bahejeje kuzirungika,umuremeshakiyago yabasavye ko bohinduranya amatelephone maze umwe wese agasoma inyishu umugabo w'umugenzi wiwe yarungitse. Inyishu zari izi:
1)Muribande ko ntabamenye
2)Heee mama Beli warwaye?
3)Nanje n'uko chr wanje
4)Ndabona wagonze moteur
5)Sindagutahura ushatse kuvuga iki?
6)Heeee,aho Jean niwe wari uyirungikiye none uribeshe,uzakumpenda gute noneho?
7)Reka guca hirya no hino vuga amafaranga ugomba ndayakuzaniye muhira
8)Ndarose canke?
9)Sha utambwiye uwo wari wandikiye ifuni ihamba umwe
1Narakubujije inzoga ariko waranse kwumva,ahubwo reka ndabibwire mabukwe ko wananiye.
Le msg est claire
MENYA BISHASHA
Umve inkuru :
Umugore yagiye iwabo, abwira mama wiwe kumugabo amunaniye, none ko vyoba vyiza amuhaye umuti wo kumwica mwibanga abantu ntibabimeneye ;
Nukwo rero Mama wiwe aramubwira ati : « Mwana wanje, Umuti wo kwica umugabo wawe ndawuguha, ariko ntiwoca umwica ubu nyene abanyi bazi ko mwirirwa murashwana bohava baca bakwagiriza kari wewe umuhitanye ! Ubwo rero, akira aka gafu maze ugende wiyegereze umugabo wawe, ntuze uramuryagagura, wifata isuku, umwubahe kuburyo ababanyi babona kataco mupfa ko ari urugo rw’akarorero, maze aka gafu uzoze urakamemera mubifungurwa buke buke kumugoroba, nk’inyuma y’amezi 2 azopfa abantu ntibazobiguhigirako kuko bazoba babona ko mutakiryana »
Nukwo umukobwa arataha agira kumwe nyene mama wiwe yamubwira, yubaha umugabo amwereka urukundo, areka kumuryagagura, maze buri mugoroba akaza aramemera kagafu mubifungurwa aha umugabo nkuko yari yabibwiwe na mama wiwe.
Nk’inyuma y’ukwezi yagarutse kwa mama wiwe ati maaa ! ntabara umpe umuti wo guhagarika bwa burozi wampa umugabo wanje ndamukunda numva ntagishaka kapfa, ati yarahindutse ubu ankunda kubi !
Nukwo Mama wiwe aramwishura ati : « Mwana wanje tekana, karya karagafu k’umwumbati naguhaye ntibwari uburozi ! Genda rero ugume witwara neza imbere y’umugabo wawe urugo ruzorama !
LE message est Clair
Sammy Busoro
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Abraham NDAYISABA
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Funnyboy Promoter
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?