#sud_sudan: Abakenyezi b'abakatolika bagera ku 60 bamaze iminsi icenda bagenda n’amaguru bava i Rumbek bagana i Juba gusanganira umwungere wa Eklezia katolika kw'isi Papa Francisko. Papa ari mu rugendo muri ico gihugu kuva kuri uyu wa gatanu. Iwabo ni ku birometero 300 mu buseruko bushira uburengero bwa Juba, nk'uko vyandikwa n'iradiyo y'abongereza BBC.
Umwe muri bo, yariko araombeka iminwa yiwe yumye cane akoresheje ururimi, yabwiye BBC ati: “Ibirenge vyanjye vyarabyimvye, ariko sinaniwe. Iyo uri kumwe na mutima mweranda, ntunanirwa. Sinashobora gusiba kuza i Juba. Twaje hano kwakira umugisha wa Papa. Nizeye ko umugisha wiwe uzahindura ibintu muri iki gihugu.”
Intumbero yabo ngo kwari kuza kwifatanya na Papa gusengera gihugu cabo, caranzwe n’indyane kuva cikukira 2011. Izo ndyane zatumye abantu baharurwa mu mamiriyoni baba mu kangaratete.
Faith Biel ati: “Buri munsi twagenda amasaha runaka maze tukarara kuri paruwasi y’aho tugeze. Vyari bigoye ariko bikwiriye.”
Impuzu zicafuye, ibirenge bivyimbye, iminwa yumye ni bimwe mu vyerekana ingorane z’urugendo rw’iminsi icenda bari bari barangije, ariko bagishobora kuririmba kandi biterera hejuru, banezererewe ibibabayeko.
Inkomoko:https://www.bbc.com/gahuza/articles/c3gpexezvkyo
Espoir bass Igiraneza
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Menya Official TV
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Arakaza Innocent
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?