#muramvya IZINA AMAZI Y'UMWAMI RYAVUYE HEHE?
Ni ikibanza kiri kw'ibarabara ry'igihugu inimero imwe. Ni ku mutumba #kibogoye urenganye gato i #bugarama werekeza mu #bukeye mu ntara ya Muramvya
Ku ntwaro ya cami niho umwe mu bami yatembereye. Aca ahanywa amazi asanzwe ava mw'ibuye. Amakuru atangwa n'abakurambere avugako ayo mazi yoba yaramuryoheye, mbere aca arayiyitirira. Ico gihe umwami yaciye anatanga itegeko ko amazi azohora akora i bwami ari ayazohora avomwa aho hantu.
Ayo mazi ava musi y'ibuye. Ni meza kandi arapfutse.
Bamwe mu ngenzi zifata iryo barabara, n'ubu bakaba bahagarara kuri ico kibanza, bakavoma ayo mazi.
Bamwe barayatwara abandi bakayanwa. Hari n'abasaba ko ico kibanza cotunganywa neza kikaba ic'iratiro.
#agaciromedia
#tellyourstorywithimpact
#burundi




