Kuvayo30-35
➢ 31.3 Kwuzuzwa Mpwemu bigaragaza Kristo azokwiyubakira ishengero muri Mpwemu (Mat 16.18, 1cor 14.12) Ukwubakwa kwa Kristo guhagaze kw’izuka ryiwe biciye muri Mpwemu (Abaroma 8.11, Yohana 2.19-21)
➢ 33.19 Imana, nk’uko yiganje, igira ubugombe bwayo mu gutoranya (Abaroma 9.15)
➢ 33.22 Mose nk’umunyavyaha ategerezwa gukingirwa ubushobozi bw’ukwera kw’Imana, bigaragaza Kristo azodukingira uburake bw’Imana (Abaroma 5.9-11
Aka gatondo nibutse abafise indoto nziza bashaka gushikako, ariko bagacibwa intege n’ivyo bumva n’ivyo bavuga bibaha ubutumwa buvuga ngo : « Ntibishoboka ». Abantu bâbayeho mu kinjana ca 18, ntibashobora kwemera ko bishoboka ko umuntu yokora ikintu gishobora kugurukana abantu mu kirere kirimwo abantu. Uwari guhirahira akagerageza kubemeza ko bishoboka, barikumwita umusazi yigendera.
Mu mwaka wa 1903, niho abahungu babiri b’Abanyamerika bavukana, Orville Wright na Wilbur Wright bashobora kugurukisha indege ya mbere akanya gato. Kuva ico gihe, ubuhinga bwabandanije buhinyanyurwa, gushika naho uyu musi indege ibihumbi ijana (100.00 ari zo ziguruka ku musi umwe kw’isi yose.
Gukora ivyo abantu bavuga ko bidashoboka ntivyarangiriye kuri Orville na Wilbur. Hari ibidni vyakozwe mu nyuma yabo, kandi n’ubu ntibirahera. Ikindi naco, ivyo benshi bavuga ko bidashoboka ntibitegerezwa gukorwa n’abantu b’ibihangange. Abo bahungu babiri nta n’umwe yari yarahonyoje ikirenge muri kaminuza. Bari abafundi b’amakinga gusa!
None rero, ntucike intege. Nimba iyo ndoto ari iy’ukuri kandi ukaba wumva ko ukwiriye kuyishikako, reka kwemera ko bidashoboka, nico ukora ibikenewe maze ubishikeko… mbaye Mark Twain.
Ntivyoroshe gutahura kuko twamenyereye kwakira - naho ata wakira ata watanze. Ico maze kubona, nuko abahabwa ubushimwe aria baba baratanze / baritanze kurusha abandi. Naho dukunda kwakira kurusha gutanga - kwitangirwa kurusha kwitangira abandi, hari ukuntu hageze gushima bamwe muri twebwe akenga gaca gasubira ku murongo.
Nta wakeneshejwe n’ukwitanga, no kugira ico amariye abantu. Ariko abarondeye gutungishwa no kwaka abandi - kubatwara utwabo mu buryo bumwe canke ubundi, ni benshi. Yamara rero, burya butumzi tubona baronse, buvanganye n’utugese kenshi tutamenya. Kwirinda kwakira / gutunga ibivuye mu bugunge canke mu karenganyo, ni imwe mu nkingi z’ubuzimw ba’amahoro n’umunezero.
Umwaka umwe ugira urengane uwundi utangure. Iki ni ca gihe co kurimbura no kugorora ibitagororotse. Birashoboka ko twirinda ibizana ubutindi tukagwiza ibizana umunezero muri twebwe no mu bacu. Uguhitamwo ni ukwanje, ni ukwawe!
Jeanine Nshimirimana
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Mechack Miburo
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
NICINYERETSE Dieudonné
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?