Good morning #gasape members! May God bless you!
Good morning #gasape members! May God bless you!
*KABUNGUBUNGU YO KUWA 06/8/2023*
🔴 *INKURU NZIZA KU BARUNDI BOSE* 📖Elisa aramwishura, ati Ni mwumve ijambo ry'Uhoraho: uku ni k'Uhoraho agize, ngw Ejo nk'aya mango, kw irembo ry'i Samariya, ingero y'ifu igogoretse izogurwa shekeli imwe, kandi n'ingero zibiri za sayiri zizogurwa shekeli imwe nyene. Arik' umugabisha uwo umwami yagenda yegamiye yishura uwo muntu w'Imana, ati Mbeg' Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ivyo vyoshoboka? Aramwishura, at' Uzobirabisha amaso, ariko ntuzobiryako.
2 Abami 7:1-2
✍️ *Muri ino misi abantu benshi baribaza uko bagiye kubaho kuko ibiciro vy' ibintu nka vyose vyaraduze! Ariko ndakuzaniye inkuru nziza! Mbega Ninde yoshobora kumabura ibiciro vy'ibintu? Bamwe bati Umukuru w' Igihugu nadufashe amanure agabanye amakori! Nashaka ndababwire ko atari abahambaye bagiye gutuma ibiciro bikoroka ariko ni ba nyarucari! Bamwe mukengera nibo Imana igiye guhagurutsa! Beni hadadi yateye I samariya ahicisha inzara arahugariza kuburyo atanumwe yasohoka gushika Aho batangura kurya abana! Ariko Elisa aravuga ati ibintu bigiye guhimduka! Bamwe barabipinga ariko babirabishije amaso ntibigeze babishikira! Nkuko bamwe bariko bapinga iri Jambo! Abanyamibembe nibo bavuze bati reka tugende twishikane maze bagombe batwice nubundi nugupfa! Maze bamaze kuhagera basanga bataye baromoka kuko bumvise umenga ni abantu isinzi babayeye! Maze baca basahura ivyo bari bafise vyose ibiciro bica birakoroka! Nbega umwami niwe yabikoroye? BARUNDI barundikazi muze twizere Imana! Niyo yonyene ishobora guhagarika ibiciro ikoresheje ba nyarucari!
*KABUNGUBUNGU YO KUWA 05/6/2023*
📌 *NTAJAMBO RYAVUZE IMANA NGO RIHERE*
📖 Kand' umve, Elisabeti mwene wanyu na we atwaye inda y'umuhungu mu butamakazi bgiwe, uwitwa ingumba uku n'ukwezi kwiwe kwa gatandatu: kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha. Mariya aramubgira, at' Ehe nd'umugurano w'Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe. Maz' umumarayika ava ah' ari, aragenda.
Luka 1:36-38
✍️ *Abakristo benshi bagendana amasezerano y' igihe kirekire! Bamwe baribaza nimba bizoshika canke bitazoshika! Nashaka ndakubwire nti nta Jambo ryavuzwe n' Imana rihera. Hako ico yavuze kidashika, isi n' ijuru vyokurwaho! Rero muhagarike gupinga ubuvugishwa! Umuvugishwa akuvugishijweko vyakire hama ubihe umwanya! Nimba Ari Imana yavuze bizoshika! Mwarahezagiwe!*
Athanase +257 69 745 325
*KABUNGUBUNGU YO KUWA 03/6/2023*
📌📍 *UKO ABARONGOZI BABI BAMERERWA IYO UWAGUYE AVYUKIRANYE*
📖Ahamagara umwe mu bashumba, amubaza ibibaye ivy' ari vyo. Aramwishura, ati Murumunawe yaje, so yamubagiye ya shuri inuze, kukw amubonye agikomeye. *Araraka, yanka kwinjira*: se arasohoka, aramwinginga. Maz' abgira se, ati Raba iyi myaka ingana irtya ngukorera, ntaho nigeze kwanka ico wangezeko, nanje ntaho wigeze kumpa n'agasuguru, ngo nnezeranwe n'abagenzi. Maz' uyo mwana wawe aje, yakomvye ivyawe abisambanisha, umubagira ishuri inuze.
Luka 15:26-30
✍️ *Kubera iki ABARONGOZI bamwe bamwe iyo babonye uwaguye agarutse baca bashavura? Mumenye ko Yesu Kristo atazanywe n' abakomeye ariko yazanywe n' intama yazimiye! Ninde muri mwebwe yogira intama ijana maze imwe ikazimira ntasige zimwe 99 akaja kurondera iyo imwe yazimiye? Kubera iki uraka mwene so azimurutse? Abakozi b' Imana mube maso kuko bamwe mufise inzigo ntimuca bugufi muhagarara kucubahiro gusa! Bamwe murabaza muti kubera iki Yesu ataragaruka Kandi ibimenyetso yaduhaye vyarashitse? Hari Aho yoba arindiriye umuntu umwe akiri muvyaha! Abayo yabamenye kera! Mwarahezagiwe*
Athanase HABONIMANA💪💪💪
*KABUNGUBUNGU YO KUWA 02/6/2023*
💧 *MENYA IMPAMVU URIHO.*
📖 Ehe ngira nkore ikintu gisha: ko kigira giseruke ubu, mbega ntimuzokimenya? Nzoca inzira no mu bugaragwa, ntembeshe inzuzi ahagadutse. Ibikoko vyo mw ishamba bizonyubaha, bo n'imbgebge n'ibisiga vyitwa imbuni, kuko ntanze amazi mu bugaragwa, ngatembesha inzuzi ahagadutse, kugira ngo nnyweshe *abantu banje, bamwe natoranije, Abantu niremeye kugira ngo bamenyekanishe ishimwe ryanje*
Yesaya 43:19-21
✍️ *Bene Data dusangiye urugendo rwo kuja mw'ijuru, Ndabaramukije mw' izina ry' umwami n' umucunguzi wacu Yesu Kristo*!
*Ntanguye kubasaba imbabazi kugihe kitari gito giheze ntabasangiza Ijambo rya NDIHO*. *Nuko aga phone bari bakivye! Ndashima Imana yampaye akandi*
*Kuva kuri Nowa gushika uyu munsi, Imana iricuza icatumye irema umuntu kuko mission yamuremeye siyo ariko arakora! Icananiye Imana ni ukwihimbaza canke kwitazira! Nico gituma yaremye Jewe nawe kugira ngo dushobore kuyihimbaza no kuyitazira! Aho gushima Imana abantu benshi bararira mbega tuzorya iki, tuzonywa iki, tuzokwambara iki?,... *Mbega iyo mushitse mu nzu y' Imana bigenda gute? Ririmba zaburi n' amatazirano ushime Imana yakuzigamye! Kubera iki abantu benshi tuduza amarira kururembo ha kuduza amashimwe? *Niyo woba wabuze umuntu, waraye ubusa, wabuze akazi*... *Shima Imana! Reka ndakubwire: iyo uririmvye witunganije, amajwi yawe araduga agashika ku Mana Ari umubabwe umota neza maze Imana ikabaza abamarayika iti Ivyo ni ibiki bibaye kwisi? Gende murabe ivyo arivyo! Maze imitwaro yawe yose igaca yishurwa biciye mu gushima! Mbega amarira yawe wibaza ko hari ico ahindura imbere y' Imana? Itumvise amarira y' umwana wayo Ari kumusaraba izokwumva ayawe ngo nuko waraye ubusa? Amarira Imana yumva ni ay' impfuvyi n'abapfakazi! *Nico gituma tudakwiye kwikebagura turira ngo niho Imana yotwumva*
M.N: *mutandukanye amarira y' uwuzuye Mpwemu Yera nay' uwubabaye!*
*Barundi Benewacu nasanze turi intashima! Tuguma turira Kandi Imana yaraduhezagiye! Muze twige gushima Imana nayo izoduha ivyo imitima yacu yipfuza! Mwarahezagiwe*!
Selfboss NDU
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?