🥴 Ng'ibi ivyo wokora iyo hashushe cane
🥵 " Izuba ryegereye isi", ni ko bamwe basigaye batebura kubera ubushuhe bumaze imisi. Ingero zirashika kuri "degrés" 34 ku gipimo ca Celsius.
🤔 Muti none umuntu yovyitwaramwo gute ?
🫴🏾 Ng’ibi bimwe mu vyofasha umuntu kugumana amagara meza mu bushuhe nk’uko Pr San Macro yigisha muri kaminuza "Aix-Marseille" abisigura : https://bit.ly/3SZ5aMS
1️⃣ Kunywa amazi menshi. Mu bisanzwe umuntu akwiriye kunywa amaritiro 2 y’amazi ku musi. Ariko mu gihe hashushe yokwongerako iritiro imwe kuko ubushuhe bwinshi butuma amazi agabanuka mu mubiri (déshydratation) canecane ku bakiri bato bakenera inguvu.
2️⃣ Kwirinda kunywa inzoga kuko zisanzwe zigabanya amazi y’umubiri. Twarabigarutseko muri kino gisomwa : https://bit.ly/3ZL9CRK
3️⃣ Kwirinda kunywa ikawa
4️⃣ Kwirinda kunywa ibintu bisosa cane nk’ifanta kuko bitera umukoyo mwinshi bigatuma amazi yo mu mubiri agabanuka
5️⃣ Kwirinda gufungura indya zifata umwanya munini w'ihoka, nyabuna umuntu akarya imboga nyinshi n’ivyamwa
6️⃣ Kwirinda kugira ikarashishi ku zuba kuko bishobora gutera ibizunguzungu
7️⃣ Kwoga amazi y’akazuyazi
😉 Basomyi, mwe ubu bushuhe mububayemwo gute ?

Jacques Nemeyimana
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?
Jesse Lingarld
Delete Comment
Are you sure that you want to delete this comment ?